NEWS

Jacob Zuma Yatanze Imihoho: Abanyafrika Ubu Bahagurutse!

on

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo naho yari yananye kuva ku butegetsi, yamenyesheje ko yatanze imihoho, maze arubahiriza isango yari yahawe ryo gutanga imihoho ku musi wa gatatu bitarenze ! Ayo makuru ariko akwiragira hirya no hino kw’isi ariko yakirwa mu buryo butandukanye ! Ifaranga ryaho muri Afrika y’Epfo ( Rand) ryaciye riduga bukwi na bukwi vyihuta inyuma yo gutanga imihoho kwa Jacob Zuma.

Zuma yamenyesheje ati : « Nahisemwo gutanga imihoho nk’umukuru wa Republika ya Afrika y’Epfo bidatebaganye, naho ntumvikana n’uko ibintu vyatunganijwe mu mugambwe wanje », niko yamenyesheje mw’itangazo ryo kuri televiziyo ryaciyeho kenshi.

Uwugiye guca aramutswa gutwara Afrika y’Epfo akaba ari umushingantahe Cyril Ramaphosa( kwifoto haruguru). Bamwe bati Abanyafrika ubu bitumye kwirukana umukuru w’igihugu ko abavako yabarambiye barabishoboye. Vyahereye muri Afrika yo mu Buraruko. Ubu naho vyatandukiriye ibihugu vya Afrika y’Epfo.

Abihweza ibintu n’ibindi bamenyesha ko bishobora no gutandukira ibihugu bindi vya Afrika. Nk’akarorero, abanyagihugu bo muri Afrika yo hagati no mu Buseruko aho bazohagurukira bazokwirukana abakuru b’ibihugu benshi ubona ko benshi bigumiza ku butegetsi, bakanka kubuvako.

Recommended for you