Mu rukundo, usanga akenshi na kenshi buri wese aba afise ico akurikiye ku muntu canke bakundana, hari bamwe usanga bafise ibintu bagenderaho ndetse n’inyungu bakurikiye mbere yo kwinjira mu rukundo aho usanga bamwe batangura kugira inzozi nyinshi kuvyo bifuza .Rimwe na rimwe rero iyo izi nzozi z’uwakunze canke uwankunze zitabaye vyo canke ntagere kuco yipfuza usanga kenshi na kenshi yumvako adakunzwe canke agatangura guhangayika, harigihe mbere bamwe bibaviramwo no kwiyanka.
Benshi baba bipfuza kumenya uko umuntu yokwitwara kugirango igihe utageze ku co wipfuza kugeraho mu rukundo canke mugihe inzozi zitabaye nyazo nkuko ubishaka .
Akenshi kubabara ndetse bivanze n’agahinda mu rukundo rutagenze uko wavyifuza, ntibiterwa n’ikosa ry’urukundo ahubwo kenshi biterwa no kwiyunvira ko uwo ukunze yuko atita ku vyifuzo vyawe bityo ugasanga buri gihe wama uri mugahinda no kwihanganira amakosa yuwo wakunze.
Umuti watanzwe kenshi ngo ni ukwiyumvisha ko uwo ukunda yuko atari we wenyene ahari kandi ko atazorangiza ivyo wifuza vyose bityo ntumuhe umwanya munini ndetse n’ububasha burenze bwo kuba yotuma ubuzima bwawe bw’uzura umunezero canke agahinda. Nk’uko abahanga mu mibanire bakomeza kubitsindagira, ni kumenya ko uwo uriko uraha umutima wawe nawe ko ari umuntu bityo akaba afise ivyiza ndetse nibibi, ubwo rero ntiwumveko atakosa yokora kuko ibi bigufasha kwiyakira mu gihe yagukoreye ikosa iryo ariryo ryose.
Urukundo rushobora kubabaza rukageza ndetse n’aho wunva umengo ntaco wokora kubera agahinda, ariko nubwo biruko uba ukwiye ku menya ko kira kintu yuko gifise intango hamwe niherezo, ubwo ni vyiza buri gihe kwishiramwo mu mutwe no mu mutima ko ushobora kwishoboza ibintu bimwe na bimwe atawundi muntu abigufashijemwo .