Ntiduhaririye ko hari abagabo baca inyuma abagore babo bakaja mubandi bagore ariko tugiye kuraba dusanga ababikora aribake, akenshi usanga nabagabo babikora aruko usanga hari udukobwa twinshi tubiruka inyuma.
Nkuko tubibona hano muri America, hari ahantu henshi uzosohokera ugasanga abakobwa benshi bari kwiyegereza abagabo cane, abasore ugasanga ntabwo babitayeho, bityo abantu bakaba bama bibaza Impamvu nyamukuru zitera abakobwa gukunda abagabo bafise abagore.
UBMNews tugiye kubabwira impanvu zitatu zituma abakobwa benshi bakunda abagabo bafise abagore.
1. Abasore benshi ntibazi agaciro k’umukobwa, ninayo mpamvu usanga kenshi hari abasore bafata nabi abakobwa, ego hariho abasore bafata neza abakobwa ariko kenshi abagabo nibo bazi gufata neza abakobwa. nigake uzumva ko hari umugabo wafashe nabi umukobwa iyo bahuriye ahantu ( Club, etc ).
2. Abakobwa benshi baba hano muri America ndetse nababa mubindi bihugu, ubu bamaze kwishiramwo ko abahungu nka 85% ko atakuri bavugisha muvy’urukundo kandi ninaco gituma bakunze kugira icizere gike co kuba babona umukunzi wukuri ubakwiye, Ibi rero bituma umukobwa yihitiramwo umugabo kuko yumva ko afise umugore umwe gusa, aho guhitamwo umusore ufise abakobwa benshi cane bakundana.
3. Tugiye kuraba dusanga kenshi umukobwa atamupango wo gutwara umugabo w’abandi aba afise, amwirukaho kuko yumva ko umugabo atakibazo co gusuzugurwa ari buhure naco, akenshi rero umukobwa biramworohera kubwira umugabo ko amukunda kurenza uko yobibwira umusore.
Ese nikihe kintu ubona cibagiwe twari gushira murivyo bintu 3 tuvuze ??