Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsizi nizo mpamvu zitatu (3) zituma umugore asuzugura umugabo wiwe !

izi nizo mpamvu zitatu (3) zituma umugore asuzugura umugabo wiwe !

Hari ibintu abagabo bishizemwo ko arivyo bituma abagore babo babanka bakanabasuzugura murivyo bavuga ubukene, n’ukaba warakundanye n’umugore mutunze, wamara gukena agaca akwinuba. Ikindi bavuga gituma abagore binuba abagabo, ni ukubura inguvu zikwiye mu gihe co kurangura amabanga mpuzabitsina no kubikora mu buryo umugore atagomba.nicole-ari-parker-boris-kodjoe

Yamara nubwo izo mpamvu nazo zishobora gutuma umugore wawe agenda agusuzugura buhoro buhoro, hari n’izindi nyamukuru zishobora gutuma umugore wawe akwanka burundu.

Abagore bagira impuhwe kuburyo bashobora kubabarira amakosa akabije y’abagabo babo ariko nkuko vyagaragajwe n’ubushakashatsi bwakozwe n’umuganga yitwa Sarah Raza wo mu bitaro vya Massachussette muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, hari ibintu abagabo bakora bituma abagore babo babasuzugura ubutababarira.

Ibi biterwa n’ibice vy’inyuma y’ubwonko (Zone externe) akaba arivyo bigenga umuntu ingene ameze,kugira inyota, inzara, uburake, gusuzugura hamwe n’umunezero. Ibi kandi vyemejwe n’umuhinga wo muri Carnegic Melon Universty.

Raba impamvu zitatu zishobora gutuma umugore wawe agusuzugura burundu :

1. Kwama utoteza umukenyezi. Kwama umubwira ko ataco amaze, kutamuha ijambo n’agaciro.

2. Kutamenya guhayagiza ubwiza bw’umugore wawe. Ni ngombwa kwibutsa umugore wawe ko ari mwiza kandi ukibuka kumubwira ko yaberewe igihe yambaye neza.

3. Kudaha agaciro urukundo rwanyu. Ni ngombwa kumuzanira ivyo atari yiteze kugira umunezereze , ukarushirizaho kubiba umunezero mu rugo no kwirinda intonganya za buri kanya.

SOURCES IGIHE.

Must Read