NEWS

Iyugarwa rya YouTube mu Burundi ryoba rifise imvo za politike?

on

Kuva ejo ku musi wa mbere igenekerezo rya 28  Gitugutu 2019, urubuga rwa Youtube(www.youtube.com) ntirwuguruka mu Burundi ku bw’impamvu zitarasobanuka.

Bamwe bamwe bariko babiha intumbero za politike mu kuvuga ko ari leta y’Uburundi yugaye urubuga rwa YouTube mu Burundi kubera hariko hacako amakuru atayihimbara.

Mu vyatumye ngo YouTube yugarwa ni kugira ngo urubuga rwa YouTube rwitwa Iyakure TV rureke kwerekana amakuru ateye ubwoba kandi mbere yo mw’ibanaga ashobora gucanishamwo Abarundi, niko bamwe banditse kuri Twitter.

Urwo rubuga rwa Iyakure TV rurashira ahabona ibitari bike ku bijanye na politike y’Uburundi hamwe n’ibindi bijanye n’amabanga ya gisirikare mu Burundi.

https://twitter.com/MahoroAmani1/status/1189071226402234368?s=20

Ikinyamakuru kimwe ceregereye ubutegetsi canditse kimenyesha ko Iyakure TV ari ikinyamakuru c’Urwanda kigamije guha inguvu impunzi z’Abarundi ziba mu Rwanda kugira go zishobore gufata ibirwanisho maze bahungabanye Uburundi.

Iki kinyamakuru cagarerenije urubuga Iyakure TV na Radiyo yabiba urwanko mu rwanda mu myaka ya 1990, Radiyo FPR Inkotanyi,  ivyatumye bishikana kw’ihonyabwoko ryo mu 1994.

 

 

Recommended for you