Monday, May 29, 2023
HomeNews Iyisi irimwo vyinshi '' Uyu mugabo aba muri America afunzwe azira...

Iyisi irimwo vyinshi ” Uyu mugabo aba muri America afunzwe azira gusambanya ibiziga vyabapfuye baba bashize muburuhukiro !

Vyovyo uwovuga ko turi mugihe ciherezo ntiyoba yihenze, hano muri leta zunze ubumwe z’Amerika hafashwe umugabo bivugwa ko yasambanya ibiziga vyabapfuye. Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru ” NEWSONE ” co kivuga yuko uyu mugabo yasambanyije ibiziga bishika kwi 100 aho yakora m’uburuhukiro bw’ibitaro ( Morgue ) canke se aho babika abapfuye kwa muganga.

Kenneth Douglas, wakoze mu bitaro vya hamilton kuva mu mwaka w’1976 kugeza mu w’1996; aho yarashinzwe kwita kubiziga vyaba biri mu buruhukiro (morgue) yafunzwe muri 2008 akekwaho gusambanya ikiziga , mu 2012 nibwo icaha camuhamye nyuma y’uko hari habonetse ibindi biziga 2 vy’abagore yari yarasambanije.

Uyu mugabo muruno mwaka wi 2014 yongeye guhamwa niki caha aho nyuma yo gupima ikiziga cari kibitse hagaragayemwo DNA yiwe, biboneka ko nawo yoba yarawusambanije; Benshi bakaba batanguye kwibaza nimba azongera guhabwa ibindi bihano naburya ibihano yari yahawe vyarangiye.

Douglas we avuga ko ibi vyose yabiterwa n’inzoga yaba yanyoye, mbere n’umugore wiwe aremeza ko atashobora kuja ku kazi adafashe kamwe, Ndetse ngo kenshi uno mugabo yahora ataha yashwanye.

Must Read