NEWS

Iyindi Video y’Imbonerakure ‘igabisha’ abazotoba amatora yagiye ahabona.

on

Umugwi w’urwaruka ruri ku butegetsi mu Burundi, ari imbonerakure, wasubiriye kugaragara uriko uriririmba ururimbo rugabisha cane abazotoba amatora yo mu mwaka wa 2020.

Muri iyo video imbonerakure za CNDD-FDD zigabisha ko ‘Abazotoba amatora ya 2020 bazobashira kurusenge maze zicanire musi(Guturira)… naho bazobakura amenyo ngo ntibazopfa barekuye’.

Ibijanye niyi nkuru:Video Yerekana Imbonerakure Ziriko Zigisha Urwanko Yagiye Ahabona.

Iyo video iriko ikwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi ije isanga izindi zagiye zirashirwa ku mbuga ngurukana bumenyi zaza zitera ubwoba abatavuga rumwe na leta y’Uburundi.

Mwokwibuka ko ivideo yavuga ko ‘abakeba ari ukubatera inda‘ yavuzweko vyinshi cane gushika naho ishika mu minwe y’abaharanira agateka ka zina muntu muri ONU maze barasemerera biyamiriza iryo terabwoba.

Raba iyo video ngaha yagiye ahabona:

Recommended for you