Abirukanywe mu mugambwe CNDD FDD bagiye kwifatanya n’iyindi migambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi ngo batunganye imyiyamamazo izoba itumbereye kwanka ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu hamwe n’ugushigikira ibwirizwa nshingiro.
Nayo ku bibaza ko boba bagira babikore kare umukuru w’igihugu c’Uburundi ataravuga ko azitoza canke atazitoza, kubwa Leonce Ngendakumana arongoye FRODEBU amenyesha ko umukuru w’igihugu yamaze kuvuga aho ahagaze kuko uwutamushigikiye muri uwo mugambi aca amubogoza canke akamwangaza.
Nayo kubwa Onesime Nduwimana yaserukiye abirukanywe mu mugambwe CNDD FDD amenyesha ko abarundi bose ku musi wa gatatu bosidukana n’iyonka kuza gushigikira democratie uburundi baronse ntisubire inyuma ngo bayironse amaraso asesetse kandi abana b’Uburundi barahahonera.
Mwomenya ko ayo biriko bitegurwa n’imigambwe itandatu iri mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abirukanwe mu mugambwe CNDD FDD, umusi w’ugutangurirako iyo myiyerekano ngo ni ku musi w’ejo nayo ukurangiza ngo ntiharamenyekana eka mbere n’uko biteguwe.