Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsIyi niyo ndirimbo nshasha ya Big Fizzo igiye gushirwa kumugaragaro !

Iyi niyo ndirimbo nshasha ya Big Fizzo igiye gushirwa kumugaragaro !

Umuririmvyi w’umurundi azwi kw’izina rya Big Fizzo uyo akaba ariko agenda atera imbere cane muri muzika , ubu akaba abandanije kuba mu gihugu c’ababanyi c’u Rwanda aho akomeje guteramira abakunzi biwe akaba amenyeshako agiye gushira kumugaragaro Video y’indirimbo “Hansange”.

Big Fizzo kuvyerekeye gusubira mu burundi kuko ubu ari mu Rwanda avuga ko atazi neza umusi azosubirirayo kuko ubu mu rwanda ngwibiteramo bamutegurira nivyinshi cane << Kugeza ubu sinomenya igihe nzozira i Burundi kuko ndikubona mu Rwanda bakomeza kuntegurira ibiteramo vyinshi kandi kuririmba niko kazi kanje sinogata ngo ndaje, ikindi sinobura guteramira abakunzi banje ba hano mu Rwanda>>.

yabandanije amenyesha ko ico azi neza ari uko iminsi mukuru isozera uyu mwaka igomba kumusanga mu Burundi kuko yipfuza kuyisangira n’inshuti n’imiryango mbere akaba yanateramira abakunzi biwe ba hano i Burundi.

Yaboneyeko akanya ko kumenyesha yuko amasanamu y’indirimbo yiwe yitwa ”Hansange ” yahejejwe gutunganwa n’umuhinyanyuzi Benjamins i Kigali , ubu mu minsi mikeyi ikaba igiye kuja kumugaragaro kandi akavuga yuko bayikoranye ubuhinga bukomeye bityo akizigira ko izoryohera abakunzi biwe.

Must Read