NEWS

Iyandikwa Ry’Impunzi Mu Buryo Bwa None Mu Buganda Kugira Ubusuma Butuzwe.

on

Leta y’igihugu c’Ubuganda ifadikanije n’Ishirahamwe ryitaho impunzi HCR, yatanguye igikorwa co kwandika impunzi mu buyo bwa none( Enregistrement biométrique) kugira ubusuma bugize imisi bwibonekeza aho mw’ico gihugu c’Ubuganda mu gisata kijanye n’impunzi butuzwe. Bikaba vyitezwe ko harabwa neza mu buryo bwa none ko ibitigiri vy’impunzi ari ivy’ukuri.

Mu misi iheze, harabaye icuka kibi nubu gisa nikikihari hagati y’abatanga imfashanyo ku mpunzi n’abakozi bo muri Leta n’abo mu mashirahamwe afasha impunzi muri ico gihugu. Leta n’abakozi bakora mu mashirahamwe afasha impunzi bakaba bagirizwa kuduza ibitigiri vy’impunzi kugira ngo imfashanyo z’izo mpunzi zidahari zice zigurishwa. HCR ikaba yiyemeje gukora iryo yandikwa ryo mu buryo bwa none kugira hafashwe abategerezwa gufashwa.

Igihugu c’Ubuganda kikaba cakiriye impunzi zirenga umuliyoni n’ibihumbi amajana ane bava muri Sudani y’Epfo, RDC n’Uburundi. Naho Ubuganda bwahora bushimwa ko bwama bwuguruye imiryango ku basaba ubuhungiro muri ico gihugu, icuka kibi co kunyuruza amamiliyoni y’amadolari no gukoresha impunzi mu buryo butemewe n’amategeko vyatumye iyo shusho Ubuganda bwahorana yononekara.

Abagirizwa muri Leta ya Uganda muri ubwo bunyonyezi bakaba barahagaritswe maze bakaba bariko barakorwako amatohoza. Umuvugizi wa HCR, Babar Balloch, yabwiye Radio VOA English ko ‘iryo yandikwa ryo mu buryo bwa none ari kugira ngo havanweho igihengeri mu bitigiri vy’impunzi Ubuganda bushira ahabona, maze impunzi zisanzwe ziba mu Buganda zironswe imfashanyo yazo yazigenewe’.

Recommended for you