NEWS

Iyandikwa ry’abazoja mu matora y’ibwirizwa shingiro ryatanguye

By

on

Kuruno wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018 niho igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro yatanguye mu gihugu cose .

Amakuru atangwa na bamwe mu bandika abiyandikisha bamenyesha ko kuruno musi ata benshi biyandikishije aho basigurako kenshi mu misi itangura ariko bigenda abantu bakaza kwiyandikisha ku bwinshi aruko hasigaye imisi mike.

Pierre Claver NDAYICARIYE ,Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI

Ico gikorwa gitanguye mu gihe abenshi mu migambwe itavugarumwe na Reta bashikirije impungenge zijanye n’iduzwa ry’igiciro rya karangamuntu bigatuma bibera impambanyi bamwe.

Naho igihe ku banyeporitike co guhimiriza abanyagihugu kwemeza canke guhakana ibwirizwa kitaramenyesha n’umurwi utunganya amatora CENI,abatari bake mu batavugarumwe na Reta baramaze gutabwa muri yompi bagirizwa kwigisha kuzotora OYA mu gihe hari bamwe mu bajejwe intwaro baza barahamagariye abo barongoye kuzotora EGO.

Bitegekanijwe ko iyandikwa rizorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma uyu mwaka wa 2018.

Recommended for you