NEWS

Ivyo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Rimenyesha ku Bijanye n’Uburundi.

on

Mu nama ya 31 y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yabereye i Mauritania mu Buraruko bwa Afrika, Inama y’umutekana yarashize ahabona ivyo ibona ko bibereye gukorwa ku bijanye n’Uburundi hamwe n’ivyaranguwe kuva habaye inama y’Ubuwmwe bwa Afrika muri nzero 2018.

Ubumwe bwa Afrika bwaragarutse ku bihe vyaranze amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.Ubumwe bwa Afrika bukabona ko muri russngi ayo matora yagenze nze. Ubumwe bwa Arika bumenyesha ko umutekano wagenze neza muri aya mezi makeye arangiye kuva mu ntango z’Umwaka uretse abatavuga rumwe bagiye baramanyesha ko bahohotewe mu gihe c’amatora y’Ibwirizwa shingiro.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryagarutse kandi ku bwicanyi bwabereye mu ntara ya Cibitoki mu gace ka Ruhagarika muri Komine Buganda aho abantu bashika 26 bahitanywe n’igitero c’abitwaje ibigwansiho nk’uko leta y’i Bujumbura yabimenyesheje.

Ishirahamwe kandi ry’ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ibi bikurikira:

Inama y’umutekano y’Ubumwe bwa Afrika izokurikiranira hafi umuhango wa Petero Nkurunziza wo kudasubira kwitoza mu kindi kiringo hamwe no gusaba abo bose begwa n’ikibazo c’Uburundi gukora ibishoboka ngo habe ibiganiro bihuza abarundi bose kandi bidakumira mu Burundi”.

“Inama y’umutekano y’Ubumwe bwa Afrika ikaba yarakengurutse cane utwigoro twagizwe na Tanzania,Uburundi hamwe na HCR ku masezerano yasinywe ku bijanye no gutahukana impunzi ku bushake bwazo”.

*Inama y’umutekano y’Ubumwe bwa Afrika ISHOBORA kandi gusaba ko ibihano Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryafatiye Uburundi vyokugwaho kugira ngo habe ugutubukurura umukanda mu bijanye n’ingorane zo mu kibano n’ubutunzi mu gihugu c’Uburundi.

Recommended for you