Wari umunezero udasanzwe ndetse vyari biteye igomwe kubona nyakubahwa umukuru w’igihugu cacu c’uburundi igihe yaja munama y’abakuru b’ibihugu batumweko na nyakubahwa umukuru w’igihugu waha muri America ” Barack Obama
UBM News kubushakashatsi twakoze twasanze aribwo bwa mbere nyakubahwa umukuru w’igihugu cacu cu Burundi ” Petero Nkurunziza yarabonanye na President w’igihangange hano kwisi yose waha muri America ” Barack Obama, ariko kandi ikindi kinezereje ni ukuntu yakiriwe, aho yahawe icubahiro bimwe bishimishije, ikindi naco ku makuru atugeraho kano kanya aravuga ko ikiganiro bakoranye bose ko cagenze neza cane.