NEWS

Ivyo abatavuga rumwe na leta y’Uburundi basavye i Arusha.

on

Mu gihe ibiganiro bihuza Abarundi vyarangiye i Arusha mu gihugu ca Tanzania, ivyarangiye Bejamin Mkapa atanze imihoho ko yananiwe maze agehereza abamukurira nka Yoweli Kaguta Mseveni(umuhuza) ngo babandanirize aho yagejeje, umugwi w’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi washize ahabona ivyo basaba kugira ikibazo c’Uburundi gitorerwe umuti.

Abatavuga rumwe na leta bakaba bashize ahabona ivyo bobo babona ko ari ‘amagirenama yoza afasha gutorera umuti ikibazo c’Uburundi’.

Bimwe mu vyo basvye nk’uko biboneka ku nyandiko zagiye ahabona ni uko ata mukuru w’igihugu n’umwe w’Uburundi yorenza ibiringo bibiri.

Abatavuga rumwe kandi basavye ko hojaho inzego zumvikanweko na bose, maze imvugo z’urwanko ku batavuga rumwe na leta zihagarare.

Aabatavuga rumwe na leta ntibibagira gusaba ko hoba ugutunganya gushasha igisirikare ca leta, igipolisi c’igihugu hamwe n’inzego z’iperereza hisunzwe amasezerano ya Arusha hame n’ibwirizwa shingiro ryo ku wa 18 Ntwarante 2005.

Raba hano bimwe muvyo abatavuga rumwe na leta basavye:

Recommended for you