NEWS

Ivyo Abatavuga Rumwe Na Leta Basaba Mu Biganiro i Arusha.

on

Mu gihe ibiganiro bihuza Abarundi biriko birabandanya i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ibintu uko biriko biragenda muri ivyo biganiro buratuma benshi bibaza ko hari icizere na kimwe kizova muri ivyo biganiro.

Kuva ibiganiro bitangura, haragiyeho imigwi idahuza ku vyoganirwa mw’ivyo biganiro.Ubu kugeza ubu hasa nahari impande zibiri zitumvikana:Uruhande rwegamiye Leta y’i Bujumbura, hamwe n’uruhande rutavuga rumwe na Leta y’Uburundi.

Naho Ibiro vy’umuhuza vyanse ko abari mu biganiro batanga amakuru ku bamenyeshamakuru, ivyo abatavuga rumwe na Leta basaba muri ivyo biganiro vyagiye ahabona.

Muvyo abatavuga rumwe na Leta basaba harimwo ibi:
Ugusubizaho uko umugambwe FNL wari umeze ubwa mbere,
-Uguhagarika ivyo guhinyanyura ibwirizwa shingiro,
-Ugusubiramwo gutunganya gushasha igiposi, igisoda hamwe n’inzego z’iperereza,
-Ugusubiramwo gutunganya amategeko amwe amwe agenga umugwi ujejwe ivy’amatongo mu Burundi CNTB, ayajewe ukuri no kurekuriranira CVR,hamwe n’ayagenga amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike,
-Gushiraho ingingo zigenga unutekano ku bahunze igihugu kugira bashobore guhunguka ata bwoba bwo kubandanya bakurikiranwa,
-Kurungika mu Burundi abaserukizi ba ONU n’abishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, hamwe n’ibindi bitari bike bijanye no gushiraho intwaro mfatakibanza,intwaro ihurikiyemwo bose.

Ku ruhande rwa Leta y’Uburundi, nikitokwiyumvirwa ko hojaho intwaro ihurikiyemwo bose(Gouvernement d’Unité National), ikavuga ko ukwo kwoba ari kuvuguruza aho abanyagihugu bashize mu matora.Leta igashimika y’uko inzego zose zijaho biciye mu matora.

Bikaba vyutezwe ko itariki umunani za kuno kwezi kwa Kigarama ko ariho hazoshikirizwa ijambo rya nyuma muri ivyo biganiro bisa n’ibititezweko vyinshi.

Recommended for you