NEWS

Ivyashitsweko Mu Nama Y’Umutekana Ya ONU Ku Burundi Ku Wa 20 Munyonyo 2017.

on

Ejo ku musi wa mbere itariki 20 Munyonyo 2017, hari haramutswe hakorwa Inama ku Burundi mu Nama y’Umutekano ya ONU aho intumwa idasanzwe ya ONU Ku Burundi, Michel Kafando, yari aramutse agira ico ashikiriza mu Nama Y’umutekano ya ONU ku Burundi. Yamenyesheje ko naho hari intamabamyi ku bijanye n’ibiganiro bidakumira mu Burundi, ishirahamwe Mpuzamkungu ONU rikwiye kubandanya rifasha mu Burundi mu bijanye na Politike.

Michel Kafando yamenyesheje Inama y’umutekano igizwe nibihugu 15 kw’isi ati: “ Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rirafise ico ritegerezwa gukora, naho hoba ingorane nyabaki zibandanya, kubandanya gufasha Uburundi, harimwo n’abafasha bo mu karere, Uburundi bukava mu ngorane burimwo”.

Kafando yamenyesheje Inama y’umutekano ya ONU ko mu gushigikira inguvu z’abo mu karere mu gushira imbere ibiganiro bidakumira bihuza Abarundi, yarabonanye n’abategetsi b’Uburundi, abatavuga rumwe na Leta bari mu gihgu canke bari mu Bubiligi, harimwo abafasha mu biganiro bihuza Abarundi nka Yoweli Kaguta Museveni wa Uganda.

Nkuko urubuga rwa ONU rubimenyesha, umuhuza ari kumwe n’umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa, kumwe na leta y’Uburundi bumvikanye kugira ibiyago hagati ya Leta y’uburundi n’abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi, harimwo n’abatavuga rumwe bari mu buhungiro guhera ku musi wa mbere w’indwi dutangura itariki 27 Munyonyo 2017.

Michel Kafando akaba yaramenyesheje ibijanye no guhinyanyura ibwirizwa shingiro , aho yamenyesheje ko umuhuza w’abarundi yamubwiye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu biza bimara imyaka indwi indwi ko bihuye n’amasezerano y’I Arusha.

Kafando akaba kandi yaramenyesheje Inama y’umutekano ya ONU ko urunani CNARED rutazokwitaba ibiganiro bihuza Abarundi vyimirije ngo kubera “rutiteguye”. Akaba kandi yamenyesheje ko “Leta y’Uburundi ibandandanya yitegurira amatora ya 2020 kandi ikibazo c’ibiganiro bidakumira kitarava mu nzira”.

Ivyo biri uko mu gihe ibiro vya HCR hamwe na OCHA( Office for The Coordination of Humanitarian Affairs) vyamenyesheje ko abantu bashika imiliyoni 6 mu Burundi bakeneye imfashanyo yihuta, mu gihe mu gutorera umuti ico kibazo hari gusa ica kabiri c’ibikenewe gufashisha. Ikibazo c’impunzi naco kiraraje ishinga cane ku buryo citabwaho ku bice 19% gusa.

Recommended for you