Haraheze imisi abaririmvyi bamwe bamwe babwiye abakunzi babo ko bari mw’ihiganwa Kora Award babasaba kubatora biciye ku rubuga ngurukanabumenyi rwa facebook ya Kora Award,ariko muvyukuri ihiganwa ngo ntiriratangura.
Amafoto y’abaririmvyi bo hirya no hino muri afrika aboneka kuri facebook ya Kora Award niyo benshi bafatirako mu kuvuga ko bari mu bahiganirwa ubushimwe bwiryo higanwa. Kuruhande bw’igihugu c’uburundi uwabonetse ubwambere ni Kidum hanyuma haza Sat B.
Kuruhande rwu Rwanda hatanguye kubonekamwo Christopher hanyuma haza Knowless kandi bose baguma basaba abakunzi babo ko bobatora muntumbero yo kubaha amahirwe yo kubandanya ihiganwa.Umuririmvyi Sat B aganira na afrifame.bi kugira tumenye ukuntu yagiye muri iryo higanwa,yatubwiye ko atazi ingene vyagenze kuko ngo yibonye ari kuri urwo rutonde .Ibi akaba abihurizako na Christopher hamwe na Knowless kuko ngo nabo nyene batazi uko amazina yabo yabonetse kuri urwo rutonde nkuko amakuru dukesha igihe.com abivuga.
Ibi vyatumye dushaka kumenya ukuri kuri rino higanwa hanyuma amakuru dukesha umwe mu bategura iryo higanwa akavuga ko ivyo abantu bariko barabona kuri facebook atari intango yiryo higanwa nyezina ahubwo ngo ni uburyo bushasha bwitwa” Top 20 Kora”.Abandanya avuga ko buri ndwi basohora urutonde rw’abaririmvyi canke indirimbo vyatowe cane kuri facebokk ya Kora Award.
Ariko rero mu misi mike ngo bazovuga neza na neza ingene iryo higanwa rigiye gutangura(edition 2014) co kimwe n’ibizoba bisabwa kugira umuririmvyi aje mubahiganwa kuko ngo bazobishira kuri website ya Kora Award(www.koraward.org) kugira abantu bose bashobore kubibona.
Tubamenyeshe ko iryo higanwa ryatanguye mu mwaka wi 1996.
Sources : Afrifame