Umugore azwi kwizina rya ” Sheila Matungi ” w’imyaka 28 uno musi yahuye nuruva gusenya aho yafatwa ariko arasambana n’umugabo w’abandi maze igitangaje umugabo bariko barakorana ivyo bintu bibi Imana yiyamiriza cane yahise ahunga amuta ngaho wenyene .
Nkuko tubikesha ikinyamakuru citwa Nigerian Dailly kumakuru n’amafoto bifotoreye, bavuga ko uyu mugabo yuko uzwi cane kumazina ya Father Joy , umugore wiwe nawe akaba ari we Mama Joy, mubisanzwe ngo basanzwe bafitaniye abana bane , abahungu babiri n’abakobwa babiri.
Mama Joy umugore w’uyu mugabo ngo yari afise urugendo uwo musi ruza kumujana kumurwa mukuru wa Nigeria( Lagos ) aho yari kumarayo iminsi ibiri, nyene nguwo musi yaravyutse mugitondo maze afashe Telephone y’umugabo wiwe asangamwo Message ivuga iti “Ico gikecuru ni kigenda umbwire nze nkwihere kuko najewe nunva ndabishaka” yahereje agira ati “Ndagukunda mugabo mwiza” iyi message yababaje uyu mugore cane maze ico yaciye akora ngo ntiyabaye akija aho yashaka kuja kuko imipango yiwe yose yahise ayihindura ariko ntiyabwiye umugabo wiwe ko yahinduye imipango.