Itegeko rizohana abo bose bazohakana ko mu Burundi habaye ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu mu mwaka wa 1972 rigiye gushirwaho mu misi. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane n-umukuru w-umurwi wo kwanyisha abarundi no kuvugana ukuru CVR, Pierre-Claver Ndayicariye , hari mu ntara ya Gitega igihe CVR arongoye yariko iremesha ku banyeshure bo muri seminari nkuru ya Gitega. Hari ku bijanye n-ivyo uwo murwi umaze gukora.
Uwo arongoye CVR yarabajijwe ikibazo n-umunyeshure kijanye n-ukuntu CVR yoba ifise uburenganzira bwo kwita izina ubwicanyi bwabaye mu 1972 ko ari jenoside yakorewe abahutu, Ndayicariye yamwishuye ko kwita izina bifise intambuko bigenda bikorerwamwo.
Kubwiwe, Intambuko ya mbere nuko CVR yita izina ivyabaye , iya kabiri akaba ko ari iryo zina rica ryemezwa n-inama nshingamateka . Ubwa gatatu , hagaca haza ishirwaho ry-amategeko harimwo n-ayahana abantu bohakana ko habaye ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu mwaka wa 1972. Intambuko ya nyuma akaba ari iyi janye nuko iryo zina rica rijanwa mu nama ijejwe umutekano y-ishirahamwe mpuzamakungu ONU.