NEWS

Itariki y’Ibiganiro bihuza Abarundi yungurujwe.

on

Mu gihe isango y’ibiganiro bihuza Abarundi ku ncuro ya gatanu yari yitezwe kw’igenekewrezo rya 19-24 Gitugutu 2018 nk’uko vyari vayatangajwe n’ibiro vy’umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, ivyo biganiro vyimuriwe kw’igenekerezo rya 24-29 Gitugutu 2018.

Umuvugizi w’umufasha amu Biganiro bihuza Abarundi, Macocha Tembele yamenyesheje ko ‘impamvu yatumye ivyo biganiro vyunguruzwa ari kubera ihimbazwa ry’iyibukwa ry’incungu ya Demokrasi mu Burundi, Melchior Ndadaye rizoba kuwa 21 Gitugutu 2018’.

Ivyo navyo bikaba vyasabwe n’abari basanzwe bokwitavye ivyo biganiro bihuza Abarundi nk’uko uyo umuvugizi wa Benjamin Mkapa yabimenyesheje.

Ivyo biganiro bikaba bitegekanijwe kubera i Arusha muri Tanzania, kandi bikitabwa n’abaserukira Leta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe na leta(barimwo abatavuga rumwe na leta bari mu Burundi hamwe n’abahungiye hanze y’Uburundi.

Recommended for you