NEWS

Itangazo ry’Ubumwe bwa Afrika ku Bwicanyi Buheruka Kuba mu Cibitoki.

on

Inyuma y’aho habaye ubwicanyi bwahitanye abarundi 26 mu ntara ya Cibitoki bikozwe m’umurwi ‘w’iterabwoba’, abatategetsi batadukanye barabandanya biyamiriza ubwo bwicanyi. Ubu na ho ni itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’Ishirahamwe ry’ubuwe bwa Afrika, H.E. Moussa Faki Mahamat, yasohoye yiyamiriza ubwo bwicanyi.

Umuhagarikizi w’ubumwe bwa Afrika, H.E. Moussa Faki Mahamat, yamenyesheje ko ahagaritswe umutima cane n’ubwicanyi bwabayemu ntara ya Cibitkii ku wa 11 Rusama 2018 bwatumye bamwe bahasiga ubuzima abandi barakomereka.

Iryo tangazo rimenyesha ko ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bwiyamiriza bwivuye inyuma ubu bwicanyi buza ‘bwibasira abanyagihugu ataco bazira kandi ata bigwanisho bafise vyo kwivuna, harimwo abakenyezi n’abana’, maze Ubumwe bwa Afrika bugahamagarira abategetsi b’ Uburundi ‘gukora ibishoboka vyose kugira abakoze iryo bara bashengezwe imbere y’Ubutungane’.

H.E. Moussa Faki Mahamat, akaba yasubiyemwo kumenyesha ko amasezerano yo guhagarika intamabara y’i Arusha ariwo mushinge wonyene wo gutuma haboneka inyishu ku kibazo kiri mu Burundi.

Moussa Faki Mahamat, akaba ahamagarira abo bose vyega na cane cane mu vya politike gushira inguvu hamwe hama hagarukanwe amahoro n’umutekano na demokrasi mu Burundi biciye mu biganiro bidakumira kandi bihurikiyemwo bose.

Recommended for you