NEWS

Itangazo rya VOA ku vyerekeye iyugarwa ryayo Mu Burundi.

on

Inyuma y’aho Leta y’Uburundi ifatiye ingingo yo kwugara mukiringo c’amezi atandatu ama radio y’Abanyamerika n’Abongereza BBC Gahuza na VOA Ijwi rya Amerika, Iradiyo Ijwi rya Amerika VOA, yaciye isohora itangazo ryokwiyamiriza iyo ngingo yo kwugarirwa gusamirana guhera itariki 7 Rusama 2018.

Itangazo rivuga riti: ” Turatangajwe cane n’ibikorwa vyakozwe na Leta y’Uburundi ibicishije ku Rwego rujejwe kuraba uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC mu kwugara isamirana rya VOA ijwi rya Amerika hamwe n’amaprograma yayo”, niko umuhagarikizi wa VOA Amanda Bennett yavuze.

Amanda Bennett, umuyobozi wa VOA

Amanda Benett yamenyesheje kandi ati : “Abanywanyi bacu badukurikirana bitega VOA ijwi rya Amerika kugira baronke inkuru z’ivyabaye ata guhengama na guto, rero iri hagarikwa rije ryima abanyagihugu b’Abarundi isoko( source) nyaryo ryo kwizerwa ry’inkuru mu gihe kigoye muri ico gihugu. Ibi birababaje cane mu gihe bishitse haheze gusa umusi umwe habaye umusi mukuru wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru( World Press Freedom Day), hasabwe ama leta gukuraho inzitizi, ntizitangire ibinyamakuru“.

Iryo tangazo rirangiza rivuga ko ibiganiro vya Radio Ijwi rya Amerika bizobandanya biboneka mu Kirundi n’ikinyarwanda biciye ku mihora ya Short Wave( SW), biciye kuri Internet( https://www.radiyoyacuvoa.com/ ) hamwe no ku mihora ya FM isamiranira mu bihugu bibanyi n’Uburundi.

Recommended for you