NEWS

Itangazo Rya ONU n’Ubumwe Bwa Afrika Ku Biganiro Bihuza Abarundi.

on

Amashirahamwe ONU n’Ishirahamqwe ry’Ubumwe bwa Afrika( UA)baragaraza amakenga n’umwitwarariko ku bijanye n’ingingo ya Leta y’Uburundi yo guhagarika kugira uruhara mu biganiro bihuza abarundi bihagarikiwe na EAC.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona uyu musi wa mbere, ONU na UA bamenyesha ko bariko bakurikiranira hafi uko ivya politike y’Uburundi biriko bigenda kandi bakaba bashaka kugaragaza amakenga yabo ku ngingo ya leta y’i Bujumbura yo guhagarika kugira uruhara mu biganiro bihuza Abarundi biyobowe n’umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa.

Ayo mashirahamqe abiri mpuzamakungu akaba asaba leta y’Uburundi gusubira kwihweza iyo ngingo kugira yiyemeze neza ko umuti urama ku bijanye na Politike y’Uburundi woboneka. ONU na UA bakaba bamenyesheje ko bagifise umwiyemezo wo gushigikira amasezerano y’i Arusha nk’abayahagarariye, harimwo n’amakungu.

ONU na UA bamenyesha kandi bagasubiramwo ko ibiganiro bihurikiyemwo bose hamwe n’ukugira umwumvikano, bishingiye ku masezerano y’i Arusha yasinywe mu mwaka wa 2000, arivyo bizofasha gutora umuti wo kuzana amahoro n’umutekano, hamwe no kubungabunga Demokrasi n’intwwaro igengwa n’amategeko.

Recommended for you