NEWS

Itangazo rya OLUCOME ku Bijanye n’Itituka ry’Amafaranga y’Uburundi n’Ingaruka Zavyo.

on

Ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ibiturire n’isesagurwa ryamatunga ya leta OLUCOME, ryasohoye itangazo aho ryashize ahabona ko amafarangay’UBURUNDI Yataye agaciro bimwe bidasanzwe. Iryo tangazo rivuga riti : « Mu gihe amafaranga y’Uburundi abandanya ata agaciro, leta y’Uburundi yoyo ibandanya ishiraho ingingo zose zishoboka zo kubandanya ikamisha amafaranga mu banyagihugu biciye mu makori no mu ntererano aho kurondera umuti urama w’ingorane zo mu vy’ubutunzi biciye ku biganiro bihuza Abarundi bibera hanze ».

OLUCOME iragaruka ku kuntu amafaranga y’Uburundi yataye agaciro mu gutanga nk’akarorero ko mu mwaka wa 2015, idolari 1 ry’Abanyamerika ryagurwa amafaranga y’amarundi 1700 FBU, mu gihe ubu naho muri Nyakanga 2017 idolari 1 risigaye rigurwa amafaranga y’amarundi 2720 FBU. Akandi karorero ni ak’umufuko w’isima wagurwa 23 000 FBU muri Ruheshi 2017, ariko ubu ugurwa 32 000 FBU, ni nk’iyongerekana rya 39.13% mu mezi atatu gusa ahaciye.

Nkuko OLUCOME ibandanya ibimenyesha, vyose birava ku kuntu imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu yononekaye, maze bigatuma abanyagihugu b’Uburundi babandanya babaho mu bukene butagira izina, kandi badafise n’icizigiro co kubuvamwo, kubera ko hari abahari badashaka ko haba ibiganiro bibera hanze bihuza Abarundi kugira umuti w’ingorane ziri mu Burundi zitorerwe umuti.

Ku bwivyo, Ishirahamqe OLUCOME rirasaba abanyapolitike b’Uburundi, na cane cane leta y’Uburundi kuraba ukwo kuntu ivy’ubutunzi bibandanya bidabukaka hama bakahakura icigwa maze bakagira uruhara mu biganiro bibera hanze maze hatorwe umuti urama w’amatati ari mu Burundi, ahanini ashingiye kuri politike.Bitagenze gutyo, OLUCOME ibona ko leta y’Uburundi yoba iriko itwara abanyagihugu mu manga yuzuyemwo amarushwa, maze hagakira bamwe bamwe bashaka kwigumiza ku butegetsi.

Recommended for you