NEWS

Itangazo rya Leta y’Uburundi ryerekeye impunzi z’abarundi ziheruka kuva mu Rwanda.

on

Inyuma y’aho impunzi z’Abarundi, nyinshi muri zo ari abayoboke ba Zebiya, uwavuga ko abonekerwa mu ntara ya Kayanza zishika 1600 zirukaniwe mu rwanda, leta y’Uburundi yasohoye itangazo iravuga aho ihagaze.

Naho Leta y’Urwanda yoyo imenyesha ko abo barundi banse gukurikiza amategeko y’Urwanda mu bijanye no kubandika mu buryo bwa none, bakanka kwemera ko abana babo bacandagwa, Leta y’uburundi yoyo ntiyatevye kumenyesha ko nyabuna Urwanda rwabirukanye kubera ko banse kuja mu mirwi irwana ngo ize guhungabanya Uburundi, nk’uko igipolisi c’Uburundi cabimenyesheje kuri Twitter.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona rya leta y’uburundi hasomwa ibi: “Uburundi buriyamiriza bwivuye inyuma ukwo kugerageza gushasha kw’Urwanda kwo guhungabanya Uburundi hakoreshejwe ugukoresha nabi impunzi mu kwandika urwaruka ngo ruje mu bikorwa bihungabanya umutekano…

Leta y’Uburundi ikavuaga ko ifise ivyemeza nyavyo kubera ko bamwe mu birukanwe mu Rwanda bemeje ayo makuru ko birukanwe kubera banse kuja mu bikorwa vyo guhungabanya Uburundi.

ivyo bikaba biza bibandanya vyonona imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda, iyari inasanzwe imeze nabi.

Recommended for you