Sunday, March 26, 2023
HomeNewsIsukari ya SOSUMO, Ibinyobwa vya BRARUDI n-Isima ya BUCECO bikena kubera ko...

Isukari ya SOSUMO, Ibinyobwa vya BRARUDI n-Isima ya BUCECO bikena kubera ko abavyihereza babaye benshi ubu?

Isukari ya SOSUMO, Ibinyobwa vya BRARUDI n-Isima ya BUCECO bikena kubera ko abavyihereza babaye benshi ubu?

Cibitoke-Kirundo : des produits de la Brarudi et le sucre se raréfient de  plus en plus - SOS Médias Burundi

Haguma hibonekeza imyidogo  myishi y-abanyagihugu batari bake ifatiye kw-ikena ry- isukari ya SOSUMO, isima ya BUCECO hamwe n-ibinyobwa vya BRARUDI aho bisigaye ubu  ari nk-umuzi w-ibuye kugira biboneke mu Burundi kandi vyitwa ko bikorerwa bikongera bigahingurirwa mu Burundi.  Aho bibonetse naho bikagurwa ku mahera arengeye cane ku biciro bizwi na Leta.

Inyishu zama zatanzwe n-ubushikiranganji bw-ubudandaji n-amahinguriro kw-iryo ikena ry-ivyo bidandazwa riva ahanini ko ababikenera canke abavyihereza biyongereye  cane, Inyishu canke insiguro bamwe n-abandi babona ko ari ugukwepa ico kibazo gisanzwe gihanze abarundi iki gihe kuko iyo abaguzi babaye benshi kaba ari akunguko kadasanzwe ishirahamwe riba rironse maze bigatuma rica ryihutira kwagura  imiryango mu burere butandukanye mu gihugu.

Gushika ubu, Hari abatari bake bahaye bibaza ko ivyo bidandazwa vya nkenerwa mu barundi vyoba bijanwa gushorerwa mu bihugu bibanyi nka Congo n-ahandi  kugira amahera y-agaciro ashobore kuboneka mu gihugu. «Jewe ndazi umuntu ubuheruka yambwiye ko ibinyobwa vya Amstel na Primus bimaze igihe bijanwa muri Congo kugira abakongomani baduhe ama dorari kandi ngo ivyo biba bamwe mu bategetsi bo hejuru babizi bisigura ko babizinanyemwo» Niko umwe mu bafise inzu yo kuranguzamwo ibinyobwa vya Brarudi  muri karitiye ya Kamenge abivuga.

Naho biri ukwo, Bamwe mu bakoresha ivyo bicuruzwa barabona ko Leta ifise uruhara runini mw-isubizwa ku murongo ry-ako kajagari kamaze igihe kibonekeza. Aha bakavuga nko kwemerera ayandi mashirahamwe y-abikorera utwabo akaza gusahiriza amashirahamwe nka BRARUDI, BUCECO na SOSUMO maze abarundi bakaza batinda biruhutsa babonye ico kibazo c-ikena ry-ibidandazwa bihingurwa n-ayo mashirahamwe kirangiye. Ikindi bavuga nuko Leta yo hamagara abanyamitahe mva makungu bakazana imitahe gukorera mu Burundi kugira amahera y-agaciro asubire kuboneka nk-imbere yo mu mwaka w-2015. Ivyo navyo kugira ngo bishoboke nuko habanza kuba icuka ciza ca politike hamwe n-iyubahirizwa ry-agateka kazina muntu mu Burundi nkuko abahora bafasha uburundi mu vy-ubutunzi bama babisavye Leta y-uburundi.

 

 

 

 

Must Read