NEWS

Isomero tutibaza ko rikihari mu Burundi. Raba amakuru y’iyi nyubakwa.

on

Hariho ifoto y’inyubakwa yafashwe na Radio Isanganiro iriko irabica bigacika kuri Interntet bidasanzwe yerekana inzu ishaje cane yabomaguritse kandi ikongera ikaba isomero abeneburundi bigiramwo!

Mu makuru Radio isanganiro ishira ahabona, imenyesha ko iyo nyubakwa yashaje buhere(nk’uko ubibona kw’ifoto) ari isomero ry’ishure shingiro rya Rubenga, muri Komine Giteranyi , mu ntara ya Muyinga.

Iryo shure shingiro rya Rubenga rikaba ribuze ivya nkenerwa bikwiye. Ariko rero biratangaje cane kubona hakiri amasomero mu Burundi mwene ayo kandi hama hubatswe n’ibibuga bikomeye bikoreshwa n’Abarundi bake, ariko abakoresha isomero baguma ari beshi gusumba.

Leta y’Uburundi yoraba uko ikora mu gufasha iryo shure shingiro ryo mu giteranyi gusanura inyubakwa zayo. UBM News yifatanije n’abandi mu gushikana kure aka kamo.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply