NEWS

Isidore Rufyikiri: ‘Hakenewe inguvu kugira ngo Leta y’Uburundi yemere ibiganiro’.

on

Mu gihe Leta y’Uburundi iguma yerekana ko idashaka ibiganiro n’abatavuga rumwe nayo, aba na bariya babandanya bashikiriza uko biyumvira kuri leta y’uburundi.

Umushingantahe Isidore Rufyikiri wewe abona ko ‘hakenewe ingingo ruhasha kugira ngo leta y’uburundi igondozwe yemere ibiganiro n’abatavuga rumwe na yo’.

Ivyo abimenyesheje inyuma y’aho abanye politike bamwe bamwe bari mu biganiro i Arusha bamenyeshereje ko ata yindi nzira isigaye atari intamabara kugira ngo leta ya CNDD-FDD ikurwe ku butegetsi kubera ‘ukudadaza yerekana’ mu mu mugambi wo gutorera umuti ikibazo c’Uburundi.

Isidori Rufyikiri akaba amenyesha ko ‘umusi abakunda igihugu c’Uburundi bazohaguruka maze bagashira inguvu hamwe haba muvya gisirikare canke mu buryo, niho leta ya CNDD-FDD izobona ko hageze kurekura’ maze Uburundi buheze buronke agahengwe mu kuva mu ntureka zo kuva mu mwaka wa 2015.

Recommended for you