NEWS

Ishirahamwe SOBUGEA rirangwamwo igupfungu kinini

By

on

Ishirahamwe ryishinze kugwanya igiturire hamwe no gusesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta kwifashisha ubugenduzi bukuru bwa Reta hamwe na sentare ijejwe amatungo ya Reta kugenzura ibikorwa vyo gusesagura amatungo mw’ishirahamwe SOBUGEA.

Umukuru w’ishirahamwe Olucome yandikiye umushikiranganji wo utwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta,Gabriel RUFYIRI amumenyeshako bafise amakuru yemeza ko abagize urwego nshingwantwaro ba SOBUGEA bafashe ingingo yo kwaka abakozi b’iryo shirahamwe gusubiza uturusho bahabwa buri mwaka uko itashe.

SOBUGEA risanzwe rivugwako riri mu mashirahamwe akukira ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta ryoba ryifashe neza kuvyerekeye ubutunzi,none icotuma abakozi bakaw uturusho twabo n’igiki?

Uyo mukuru w’ishirahamwe OLUCOME asikiriza ko ibiriko birakorwa n’urwo rwego bidakwirikije amategko agenga abakozi kubijanye n’uturusho bahabwa.

Ikindi muri OLUCOME bipfuza ko hatangwamwo umuco n’ibijanye n’itangwa ry’ amasoko ya Reta hamwe n’itangwa ry’ibibanza aho imodoka za Reta zikorerwa iyo ivyuma canke imodoka zigize utubazo.

Igifungu kiri mw’itangwa ry’amasoko ya Reta si cubu,vyaravuzwe kuva kera co vyoza biraba mu muco ariko ntakirakorwa.

Recommended for you