NEWS

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Zambia ryitwariye Uburundi Muri CAF.

on

Inyuma y’urukino rwahuje igihugu c’Uburundi na Zambia mu nkino z’umupira w’amaguru w’abana bari munsi y’imyaka 20( Under-20, U20), ishirahame ry’umupira w’amaguru rya Zambia(The Football Association of Zambia (FAZ)) ryitwariye Uburundi mw’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa(Confederation of African Football (CAF) kubera Uburundi bwagirizwa ‘gukinisha abakinyi barenza imyaka 20’ muri urwo rukino.

Ivyo bishitse inyuma y’aho Uburundi butsinze bwihaniza igihugu ca Zambia muri izo nkino z’abari munsi y’imyaka 20 mu gutsinda Zambia ibitego 3 ku busa ku musi wa mungu w’indwi iheze.

Iyo ntsizni ikaba yatumye Uburundi bushobora kuronka itike yo kuja mu nkino z’igikombe mu mipira w’amaguru z’abaterenza imyaka 20 zizobera mu gihugu ca Niger mu mwaka wa 2019.

Nk’uko Lusaka Times ibimenyesha, Icatumye haba iyo myidogo ya Zambia muri CAF ni amshusho y’abakinyi b’Abarundi batarenza imyaka 20 yakwiragiye kuri Internet, ayatumye haba amakernga ku myaka y’abakinyi b’Uburundi muri urwo rukino.

The Football Association of Zambia FAZ ikaba yasavye Confederation of African Football CAF ‘gukora amatohoza yitondewe ku myaka y’abakinyi Uburundi bwakinishije’ muri urwo rukino rwabereye i mu ntara ya Ngozi ku wa 22 Mukakaro 2018.

Recommended for you