NEWS

Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Afrika Risabwa Guhagararira Ibiganiro Bihuza Abarundi.

on

Intumwa z’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu karere ka Afrika y’Ubuseruko no mu gace k’ihembe rya afrika basaba ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryifatira mu minwe ikibazo c’ibiganiro bihugza Abarundi, maze bamenyesha ko amakungu ashobora kuba yaratakaje icizere ku bakuru bw’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko mu guhagarikira ivyo biganiro bihuza Abarundi.

Ayo majambo y’intumwa z’Ubumwe bwa Buraya yavugiwe i kampala mu Buganda amayinga abiri inyuma y’aho uwuhagarariye Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, aho yamenyesheje ko utwigoro twa Afrika y’Ubuseruko mu guhagarikira ibiganiro bihuza abarundi tutaribonekeza canke ataco turashikako.

Izo ntumwa z’Ubumwe bwa Buraya zamenyesheje ziti: “Uko Afrika itunganya ibintu na cane cane ibijanye n’Uburundi nuko aha n’akarere, nka Afrika y’Ubuseruko, ariyo ibwirizwa kubanza kuba hafi. Igihe akarere bishitse aho kadashobora kuroranirwa, Ubumwe bwa Afrika buca buhaseruka, bufashwe mu mugongo na ONU

Moussa Faki Mahamat akaba kandi yari yasavye Yoweli kaguta Museveni asanzwe yagenywe ngo ahagararire ibiganiro bihuza Abarundi gukora ibishoboka vyose ngo amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ntabe mu Burundi, ibishobora gutuma Pierre Nkurunziza atwara Uburundi gushika mu mwaka wa 2034.

Ukwo kunanirwa kwa EAC mu guhagararira ibiganiro bihuza Abarundi no gufata ingingo ruhasha zigirira akamaro abanyagihugu b’Uburundi nivyo biriko bituma Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rishaka kwifatira ibintu mu minwe.

Mukamenya ko abatavuga rumwe na leta bari bamaze kumenyesha ko EAC yamaze kunanirwa gutunganya ikibazo c’Uburundi ko Ubumwe bwa Afrika bwokwifatira ikibazo c’Uburundi.

Recommended for you