NEWS

Ishirahamwe ry’amaradiyo m’Uburundi rirasaba irekurwa ry’abamenyeshamakuru bane

By

on

Inyuma y’ihagarikwa ry’abamenyeshamakuru bane bo mu kinyamakuru Iwacu, umukuru w’amaradiyo akorera m’Uburundi, Onésime Harubuntu yavugiye kw’iradiyo y’imicokama kur’uyu wa gatandatu. Akaba yasavye irekurwa ry’abo bamenyeshamakuru kuko bariko barakora umwuga wabo. Akavuga ko borekurwa bakaburana bidegemvya kuko bafise aho baba n’umukoresha azwi n’amategeko.

Onésime Harubuntu akavuga ko ingingo ya 45 na 46 y’itegeko rigenga ibimenyeshamakuru m’Uburundi rivuga ko umumenyeshamakuru ashobora kuja aho hose ashaka gutohoza inkuru yumva ko yokorerako. Ico nico abamenyeshamakuru bo mu kimenyeshamakuru Iwacu bakoze, bivurwa na Onésime Harubuntu. Akavuga ko mugiye abo bamenyeshamakuru batorekurwa abandi bamenyeshamakuru boca batinya gukora kumakuru babona ko yokorwa.

Iryo shirahamwe ry’amaradiyo akorera m’Uburundi akaba ariryo ryambere ryubahutse kuvugira abo bamenyeshamakuru mugihe hari amashirahamwe menshi aharanira agateka ko kumenyesha amakuru aha ikimenyeshamakuru Iwacu canditse iyi nkuru kivuga Ikigo CNC gicungera ingene ibimenyeshamakuru bikora kitaravuga aho gihagaze kur’iryo hagarikwa.

Recommended for you