NEWS

Ishirahamwe OMS riragabisha ku ngaruka mbi zo kutanonora imitsi

By

on

Abashakashatsi baratera akamo ko kugabisha ku bantu batarajijuka gushika n’ubu ku vyerekeye
kunonora imitsi ivyo rero bigatuma atakarusho kahaba mu vyerekeye kugabanya kuremara
mu bijanye n’ikora neza ry’umubiri.

Icegeranyo giheruka gusohorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivyerekeranye n’amagara y’abantu
(OMS) mu kinyamakuru “The lancet public health kirerekana ko ica kane c’abantu baba kw’isi ni ukuvuga
umuriyaridi umwe n’ibice bine 1,4 badakora imyimeneyerezo ngororamubiri bikwiye kandi ntivyigeze
bihinduka, ibiharuro biri uko kuva mu mwaka w’2001.

Abashakashatsi rero b’iryo shirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibijanye n’ivy’amagara y’abantu OMS
baragize amatohoza 358 ku banyagihugu bo mu bihugu 168, hafi ku bantu bashika umurioni umwe
n’ibice icenda 1,9.

Kutagira rero imyimenyerezo ngororamubiri vyongereza amahirwe mabi yo kurwara za ngwara
z’umutima, za diabete na cancers zitandukanye.

Ibihugu rero bisa n’ivyateye imbere mu majambere harimwo Ubwongereza biza kw’isonga
mu batanonora imitsi.

Uretse rero abakenyezi baba mu ntara uko ari zibiri za Asiya, abakenyezi na bone bari muba mbere
bahanzwe niyo ngorane y’ukutagira imyimenyerezo ngororamubiri.

Abanditse ico cegeranyo baramenyesheje ko gushika ubu ihango ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho
ibijanye n’amagara y’abantu OMS ryari ryihaye ryo kugabanura ukuremara mu bijanye n’ikora neza
ry’umubiri gushika ku bice cumi kwijana gushika mu 2025 ryamaze kunanirwa atavyo rizoshikako.

Recommended for you