NEWS

Ishirahamwe OLUCOME Risaba Ihagarikwa R’Imyiteguro y’Inama ya COMESA.

on

Bivanye n’uko bigaragara yuko leta y’Uburundi ikibandanya yitegurira kwakira Inama ya COMESA yari yategekanijwe kubera i Bujumbura ariko ikaba yimuriwe kubera i Lusaka, Zambia muri Mukakakaro 2018, Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta mu Burundi, OLUCOME, risaba leta y’Uburundi guhagarika gusesagura uburyo bitegurira inama yamaze kwunguruzwa.

Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME, mw’itangazo inomero 008/OLUCOME/05/2018 ryo kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018, amenyesha ko badatahura igituma Reta isubiza inyuma ibikorwa vy’iterambere mu kwizera ikintu kitabaho, ikabandanya ibikorwa vyo kwitegurira iyo nama mu gukoresha uburyo bw’igihugu mu gihe iyo nama yungururijwe mu kindi gihugu.

Muri ryo tangazo,Gabriel RUFYIRI, yibutsa ko Uburundi buri mu bihugu 3 bikenye kw’isi,uburyo buriko burakoreshwa mu gutegura imiduga,amazu y’amanama hamwe n’amahoteri yari ategekanijwe gukoreshwa muri iyo nama yungurujwe, bukaba bwokoreshejwe mu guteza imbere abanyagihugu.

Ivyo OLUCOME ikaba yabivuze izi ko na Leta y’Uburundi izo ko iyo nama ya COMESA yari itegekanijwe kubera i Bujumbura mu Burundi ku magenekeezo ya 1-10 Ruheshi yahindutse ko itazobera i Bujumbura, mu Burundi.

Soma iryo tangazo rya OLUCOME ryose ngaha:
OLUCOME-COMMUNIQUE-DE-PRESSE-N008-052018

Recommended for you