Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsIshirahamwe NTABARIZA ribona ko intahe yo ku mugina yobaho kugira ibitigiri vy-abafunzwe...

Ishirahamwe NTABARIZA ribona ko intahe yo ku mugina yobaho kugira ibitigiri vy-abafunzwe mu mabohero bigabanuke.

Ishirahamwe NTABARIZA ryiyemeje guharanira agateka k-abanyororo rivuga ko kugira amabohero agabanye ibitigiri vy-abafunzwe vyabaye umurengera  bisaba ko intahe yo ku mugina yobaho nkuko biheruka gutangazwa n-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye. Bikaba vyashikirijwe na Jean-Marie Nshimirimana arongoye iryo shirahamwe mu ngendo amazemwo imisi agira mu ma komine agize intara ya Ngozi.

Jean-Marie Ndayishimiye akongera akamenyesha ko ategekanya kuzoshika  mu ma komine yose  agize igihugu c-uburundi  kuko kubwiwe avuga ko iyo amatati ataturiwe mu kibano hatabaho akarenganyo maze bigatuma hafungwa uwagiriwe n-icaha bwite kandi gikomeye kitaronse umwumvikano mu kibano (Radio RSF BONESHA FM)

 

Must Read