Ishirahamwe NTABARIZA ryiyemeje guharanira agateka k-abanyororo rivuga ko kugira amabohero agabanye ibitigiri vy-abafunzwe vyabaye umurengera bisaba ko intahe yo ku mugina yobaho nkuko biheruka gutangazwa n-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye. Bikaba vyashikirijwe na Jean-Marie Nshimirimana arongoye iryo shirahamwe mu ngendo amazemwo imisi agira mu ma komine agize intara ya Ngozi.
Jean-Marie Ndayishimiye akongera akamenyesha ko ategekanya kuzoshika mu ma komine yose agize igihugu c-uburundi kuko kubwiwe avuga ko iyo amatati ataturiwe mu kibano hatabaho akarenganyo maze bigatuma hafungwa uwagiriwe n-icaha bwite kandi gikomeye kitaronse umwumvikano mu kibano (Radio RSF BONESHA FM)