Haraciye imisi ishirahamwe ryo gutumanako amakuru LUMITEL ritanguye kwidogerwa n-abanywanyi baryo bakoresha internet ko iryo shirahamwe ryarengeje urugero mukuduza ibiciro. Babivuga bafatiye k-ukuntu kw-ama megabytes, atakiramba.Bakanegura kandi ukuntu internet iriko igenda k-umuvuduko uri hasi cane ngo kubitari bimenyerewe mw-iryo shirahamwe.
ˮishirahamwe LUMITEL ryoba ryamaze kwumva akamo ka Leta ko kuduza amakori kubakoresha 1GB kuduga?ariko nuko bimaze igihe Atari ivy-ejo bundi.Connection yayo ukuntu igenda ije isongera isibe. Ko tubona ibi bintu biteye ubwoba kandi vyaturuhishije? umuti tubona nukuva bwa vuba mw-iryo shirahamwe‟ ayo ni amaborogo y-abamwe mu banywanyi ba Lumitel. Akarorero , Abo banywanyi bavuga ko baguze 1GB y-amafaranga igihumbi c-amarundi yomaze umusi umwe basanga inyuma y-iminota mike ya 1GB yaheze.
No mubategetsi bo muri Leta ayo makenga n-imyidogo barabisangiye n-abo banywanyi ba LUMITEL. Kubwa Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru mu bijanye no kumenyesha amakuru mu biro vy-umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko inyuma y-ukwumva imyidogo y-abokoresha internet ya LUMITEL yahavuye nawene agerageza gupima arabe ukwo vyifashe kubijanye no kuramba kw-ama megabytes. Aho yahavuye nawene asanga imyidogo abanywanyi ba LUMITEL bafise harimwo ishingiro n-ukuri kuniniya akemeza ko hari itagenda neza mw-iryo shirahamwe. Kushika ubu ishirahamwe LUMITEL ntaco rirashima kugira ico rishikirije kw-ayo maborogo n-agashavu k-abo banywanyi baryo.