NEWS

Ishirahamwe COMESA rigiye gushumbusha Uburundi

By

on

Mu rugendo arimwo mu gihugu c’Uburundi, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rigize ibihugu biri muri COMESA, umupfasoni Chileshe Kapwepwe, kuva itariki zitatu gushika itariki zitanu ruheshi, yamenyesheje ko iryo shirahamwe rigiye gusubiza Uburundi n’abagwizatunga baribakoresheje uburyo bwabo mu gutegura inama igira ya 20 y’iryo shirahamwe ry’ibihugu vya Afrika biri mu buseruko no m’uburengero.

Ivyo bikaba vyavuzwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makundu, Ezechiel Nibigira kur’uyu wa kabiri aho yarahejeje kubonana n’uyo munyambanga mukuru mushasha wa COMESA. Leta y’Uburundi yari yiteguriye cane iyo nama y’abakuru b’ibihugu ba COMESA yari gutangura itariki imwe ruheshi umwaka w’i 2018. Ariko umunyamabanga mukuru wa COMESA wico gihe Sindiso Ngwenya yaciye amenyesha ko iyo nama ayungururije mu gisagara ca Lusaka mu gihugu ca Zambie.

Abarongoye Uburundi bariyamirije iyo ngingo baca basaba gushumbushwa kuko bari bamaze kwitegura bigeze kure. Uwo mupfasoni Chileshe Kapwepwe akaba yazananye numurwi w’abahinga bazokwiga ivyakoreshejwe mu gihugu Uburundi bwariko buritegurira iyo nama rukokoma. Eka n’imbere yo kuza mú Burundi uyo munyamabanga mukuru wa COMESA akaba yari yabanje kurungika uyundi murwi w’abahinga wiga ico kibazo.

Recommended for you