NEWS

Ishirahamwe BMBC Riratumirira Abo Bose Bashaka Kwubaka Mu Burundi.

on

Haraheze igihe kitari gito ishirahamwe ryanyu BMBC (Building and Multi-Business Company) ryo kububakira amazu no kubacapurira ibicapu ririko ribabwira uko abantu cane cane abari hanze y’igihugu c’Uburundi bashobora gukora ibikorwa vyabo vy’Ubwubatsi mu buryo buborohereza kandi butavuna.

Hano hepfo hariho ikiganiro Ishirahamwe ryanyu BMBC ryakoranye n’umwe mu bakiliya baryo yarungitswe n’umuntu ari muri Amerika kugira tumufashe mu bijanye no kwubaka inzu kubera yashimye uko dukora.

Ukaba nawe wibaza uko wobigenza mu bijanye no kwubaka mu Burundi uri mu makungu, raba hano iyi video ngufi yerekana ko ivyo ubu bishoboka bitakiri umugani :

Ikinyamakuru canyu UBM NEWS caragendeye BMBC( Building and Multi-Business Company) maze casanze BMBC ikora ibigezweho na cane cane mu bijanye no gukorana n’amakaminuza yo mu Burundi atandukanye mu bijanye no gukora imyimenyerezo ku bijanye n’umwuga wo kwubaka hamwe no gutegura imigambi yo kwubaka.

Amakaminuza yama yashimye ivyo BMBC ikora mu kubarungikira abanyeshure bakora imyimenyerezo BMBC ni Kaminuza y’Uburundi, Kaminuza Espoir d’Afrique, Universit Ntare Rugamba na Summit University. Ibintu BMBC ikora amakaminuza arabishima ku buryo ayirungikira abanyeshure bayo ngo bakore imyimenyerezo.

Raba Video hano aho Ishirahamwe BMBC ryakoranye n’abariko bakora imyimenyerezo:

Recommended for you