NEWS

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya Rirashigikiye ibijanye no guhagarika umugambi w’Uburundi wo kubungabunga amahoro mu bindi bihugu.

on

Inama Nshigamateka y’ubumwe bwa Buraya yari iramutse yiga ikibazo c’uburundi maze irafata ingigo ku bibazo bitari bike ku bijanye n’Uburundi. Mw’itangazo ryagiye ahabona, Ubumwe bwa Buraya buramenyesha ko ‘bukurikiranira hafi itangazo rya Nkurunziza ryo kutazosubira kwitoza mu kibanza c’umukuruu w’igihgu‘.

Ico abo bashingamateka b’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya basaba kandi ni uko hohagarara umugambi wo gushigikira ibikorwa vy’uburundi vyo kuja kubungabunga amahoro mu bindi bihugu mu mu mugambi wa ONU nka za Somalia na centrafrique kubera ko leta y’uburundi yagiye iragirizwa gukoresha nabi uburyo buhabwa izo ngabo ziba zagiye guhagarikira amahoro.

Muri iryo tangazo dusoma kandi ko Ubumwe bwa Buraya bubabazwa n’uko ibiganiro bihuza abarundi bisa n”ivyapfuye”, maze bagasaba ko hoba ibiganiro vyihutirwa mu Barundi bose “ata kirinze gusabwa”.

Abashingamateka b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bakaba kandi baragarutse ku kibazo c’impunzi z’Abarundi zishika 400 000 z’abarundi bahungiye mu bihugu bibanyi. Bakaba basavye ko ibihugu vyabakiriye vyofasha cane mu bijanye no kubungabunga umutekano wazo.

Ku bijanye n’amasezerano ya Arusha nayo, abashingamateka b’ubumwe bwa Buraya babona ko ari ntahara mu bijanye no gutunganya ikibazo c’Uburundi. “Ni wo mushinge uhambaye w’amahoro hamwe n’ugutekanirwa kw’igihugu”,niko iryo tangazo rishira ahabona.

Recommended for you