NEWS

Isekeza Ryo Gutora “OYA” Canke “EGO”: Imigambwe Iratanga Impamvu.

on

Kuva ku wa 1 Rusama 2018 haratanguye ku mugaragaro isekeza ryo guhamagarira abanywanyi b’imigambwe gutora “Ego” canke “Oya”. Imigmabwe cane cane CNDD-FDD, FNL ya Rwasa Agathon na FRODEBU ya Leonce Ngendakumana ikaba ariyo iboneka cane.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ukaba wuguruye ivyo birori mu ntara ya Ngozi mu guhamagarira abanyagihugu bawo gutora “EGO” muri iryo bwirizwa shingiro.

Umugambwe FRODEBU wa Leonce Ngendakumana wowo uhamagarira abanyagihugu gutora “OYA” muri ayo matora yo ku wa 17 Rusama 2018. FRODEBU iti: “Ibituma umugambwe Sahwanya-Frodebu uzotora “Oya”: kugira dukingire amasezerano ya arusha n’ibwirizwa shingiro riyakomokako twirinde gusubira mw’ihumbi”.

Urunani Amizero y’Abarundi narwo ruhamagarira abarundi gutora “Oya” muri ayo matora. Rwasa Agathon asa nuwuruserukira yamenyesheje i Ngozi kwiyugurwa ry’isekeza ko ‘we ubwiwe ariho akironka iryo bwirizwa shingiro rishasha, ko ryakorewe mu kinyegero kandi ko abariteguye batarihaye abashingamateka bose ngo baryigeko.

Recommended for you