NEWS

Isangi Label ibateguriye Igiteramo BYE BYE VACANCES mu ntara ya NGOZI.

on

Mu ntumbero yo kubandanya bateza imbere umuziki w’uburundi imbere,ikinyamakuru Isangi cabateguriye Igiteramo cagakura,igiteramo kizobera mu ntara ya Ngozi kw’igenekerezo rya 19/9/2015.

Nkuko uwujejwe kumenyekanisha amakuru muri ico kinyamakuru yashoboye kuvyiganira ikinyamakuru canyu ubmnews.com,akaba yatumenyesheje ko ico giteramo baciteguriye cane kandi ko azoba ari igiteramo cakakorero kizoba kibaye mu ntara ya Ngozi.

bye bye vacance

Abaririmmvyi bazoba bari muri ico giteramo ni: Landry GATEKA,FranckG80 ,Kolly the Magic,Alice KEZA n’abandi baririmvyi benshi bo muri iyo ntara ya Ngozi.

Kwinjira muri ico giteramo akaba ari amafaranga 1000 gusa yaba ku mwana eka ndetse no kuwukuze.