Saturday, September 24, 2022
HomeNewsIsakwa ryabaye ku rugo rw'umushingamateka MOISE Bucumi ari mu baterekwa ugusubira kwitoza...

Isakwa ryabaye ku rugo rw’umushingamateka MOISE Bucumi ari mu baterekwa ugusubira kwitoza kwa nkurunziza

Abapolice bazindukiye kuri uyu wa 31/3 ku rugo rw’Uwahoze ari umushikiringanji Moise BUCUMI bakaba bamenyesheje ko bari baje gusaka ibirwanisho naho atavyo bahakuye. nkuko bishikirizwa n’ababanyi b’umushingamateka Moise Bucumi ngo abo ba police bari baje mw’ijoro ryo ku wa mbere rishira kuwa kabiri. Ivyo vyose vyakozwe uwo mushingamateka atari muhira iwe kukoa ri mu ngendo z’akazi hagati mu gihugu.

Nkuko amategeko y’uburundi abivuga umushingamateka atarakurwako ubudahangarwa ivyo vyakozwe ntibabimukorera kuko bibanza gusabwa ko Inama nshingamateka ikorana hama ikamukurwako ubudahangarwa. Nayo OPC1 Liboire Bakundukize umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ikinyamakuru IGIHE yamurondeye ngo ashikirize ibijanye amakenga bagize ku binanye n’amakenga bagize kugira baje gusaka umushingamateka Bucumi Moise ariko bakaba bishuwe ataco bafise babivugako.

Uyu nyene hamwe n’abandi batari bake bari muri bamwe baheruka kwirukanwa mu mugambwe kubera ukwanka isubira kwitoza ubwa kabiri kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero nkurunziza

Must Read

Antonio Guteress yemeza ko M23 atari umuhari wo guta munda nsa...

0
Umunyamabanga mukuru wa ONU yemeza ko umuhari M23 uriko urwanira mu buseruko bwa Congo atari umuhari wo guta munda nsa ndetse witwara nk'igisirikare...