NEWS

Iry Tina, umurundikazi ariko ahiganirwa ikibanza ca Miss Planet.

on

Iry Tina, umurundikazi akongera akaba ari umuririmvyi abishoboye, ariko ahiganirwa mu kibanza ca Miss Planet, arasaba gushigikirwa cane n’Abarundi isinzi.

Nk’uko Iry Tina yavyiganiye umuyobozi mukuru wa UBM News, igisabwa ni kuja kuri Page ya  Facebook ya Miss Planet International na Instagram hama ukaraba ahari Uburundi, hama ukagira Like(aimer)na Share(partager) ku mafoto yiwe kugira amenyekane cane kugira azoshobore gutahukana intsinzi muri Miss Planet.

Nk’uko Iry Tina yiganiye umuyobozi mukuru wa UBM News, ukwo kugira ama partages nama likes ku mafoto yiwe nivyo bituma Miss Planet World imumenya maze ikamwizera.

Ivyo ninavyo vyashoboje umwigeme w’umunyarwandakazi, Mwiseneza Josiane, yatahukanye ikibanza ca Miss Popularity mu Rwanda, aho asabiye abanywayi isinzi kumushigikira maze arashika kure bishoboka.

Iry Tina, aba mu gihugu ca Uganda, yitwa mu mazina yiwe Uwimana Tina, aramaze gukorana akazi ku kuririmba indirimbo nabaririmvyi bakomeye mu Burundi nka ba Big Fizzo mu Ndirimbo yise Mida ya Love nabandi.

Iry Tina akaba ari mu gihugu ca Cambodge ahategekanijwe kubera iryo higanwa rya Miss Planet kuwa 1 Ntwarante 2019.UBM News ikaba ibatumirira abanywanyi bayo gushigikira uwo murundikazi Iry Tina gushika kure bishoboka.

 

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply