NEWS

IRIN: ‘ONU Ikwiye Gukora Imbere Y’uko Amazi Arenga Inkombe’.

on

Mu mwihwezo wakozwe n’ikinyamakuri IRIN News, biboneka neza ko mu gihe Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rikwiye kunyaragasa rikagira ico rikoze ku Burundi ibintu bitaraba nabi kuruta mu Burundi. “Nimba Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ari iryo kwizigirwa, rikwiye gukora ridatebaganye ku bijanye n’Uburundi amazi atararenga inkombe”, niko uwo mwihwezo washizwe ahabona na IRIN News uvuga.

Leta y’uburundi niyo ya mbere ikwiye kubazwa ibijanye no gukingira abanyagihugu bayo ivyoza bibabangamira, ariko igitandukanye n’ivyo, iyo Leta niyo nyene igaruka igahonyanga agateka ka zina muntu, nkuko IRIN News yabishize ahabona.

Mu gihe bimaze kugaragara ko leta y’uburundi idashaka gukingira abanyagihugu bayo, bica bisigara bibazwa amakungu kugira agire ico akoze mu kuba inkinzo y’abanyagihugu. IRIN ibona ko imfashanyo y’amakungu ku bijanye no gukingira abanyagihugu idakwiye na gato.

IRIN kandi iragaruka ku ngingo iheruka gufatwa n’Umugwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kwisi(HRC) yo kurungika “ abahinga batatu” I Bujumbura gufashanya na leta y’Uburundi mu bijanye no gutohoza uko agateka ka zina muntu kahonyanzwe mu Burundi, ariko bivanye n’uko Leta y’Uburundi itashimye gukorana n’abahinga bigenga kuva kera, biragaragara ko ivyabo bahinga ataco bazoshikako kinini.

Biragaragara ko ikibazo c’Uburundi kimaze gucamwo ibice ibihugu bigize Inama y’Umutekano kw’isi muri ONU. Ibihugu vya Egypte, Uburusiya n’Ubushinwa vyisanga bitariko bihuza n’ingingo zinaka usanga zishigikiwe n’igihugu c’igihangange kw’isi ari co Leta Zunze Ubumwe za Amerika, maze hakabura ingingo ruhasha zifatwa ku vyerekeye Uburundi.

IRIN News yamenyesheje ibintu bitatu bishobora gutuma Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU hamwe n’Inama Y’Umutekano kw’isi maze hakagira igikozwe ku Burundi. Ubwa mbere, bishobora gutumwa n’ibitero vyiyongeye biza biva mu gihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, aho umugwi w’Abarwanyi FPB uheruka kumenyesha ko ugiye kwongereza ibitero ukora mu Burundi.

Ica kabiri cotuma ONU ifata ingingo vyihuta, ni ikibazo c’impunzi z’Abarundi zirenga 400 000 zahungiye mu bihugu bibanyi nka Kongo,Tanzaniya, Urwanda n’Ubuganda. Igihugu ca Tanzaniya gisanzwe cakiriye ibice birenga 60% vy’izo mpunzi gishobora kunanirwa no kubandanya cakira impunzi maze kigasaba Inama y’Umutekano ya ONU gufata ingingo ruhasha ku kibazo c’Uburundi.

Ica gatatu gishobora gutuma Inama y’Umutekano ya ONU ifata ingingo ku Burundi ni ukwicamwo ibice kwiyongereye kwoba hagati mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, ivyotuma umutekano wononekara, na cane cane mu gihe hariko hakorwa ukugerageza kurwanya Pierre Nkurunziza ngo ntiyitoreze ikiringo ca kane.

Vyose ivyo bintu uko ari bitatu vyotuma haba ubwicanyi bukabije mu Burundi nk’uko IRIN ibishira ahabona. Nimba Ishirahamww Mpuzamakungu ONU rishaka vy’ukuri gukingira abanyagihugu, ritegerezwa gufata ingingo hakiri kare amazi atararenga inkombe.

Recommended for you