Thursday, June 8, 2023
HomeNewsMenya ibanga rikomeye ryo kunesha Satani hamwe n'ukuntu uhita ubona imigisha myinshi...

Menya ibanga rikomeye ryo kunesha Satani hamwe n’ukuntu uhita ubona imigisha myinshi iva ku Mana

Mu madini atandukanye, dusangamwo abantu benshi bemera ko habaho Imana, hakanabaho Shetani/Satani n’abadayimoni. Mu myigishirize yabo rero, aba banyamadini bigisha Satani nka kimwe mubiremwa abayoboke babo bakwiye kurwanya bivuye inyuma.

4

Ese mbere ya vyose Satani ni iki?

Ijambo ry’Imana ritubwira yuko mw’ijuru ko habaye intambara, maze Mikayeli ( Michael ) n’abamarayika biwe batabarira kurwanya ca kiyoka, ikiyoka kirwanana n’abamarayika baco, ntibanesha kandi mw’ijuru ahabo ntihaba hakiboneka, Ca kiyoka kinini kiracibwa, ari co ya nzoka ya kera yitwa Umwansi na Satani, ari co kiyobva abari mwisi bose, Nuko kijugunywa mwisi, abamarayika baco bajugunyanwa na co “Ivyahishuwe 12: 7”.

Mu kutwereka Satani uwo ariwe kandi, ijambo ry’Imana ryongera kutwereka ko yari atunganye ariko aza kugira ubwibone, ibitubwira muri aya majambo…..”Ubwiza bwawe ni bwo bwateye umutima wawe kwishira hejuru, kubengerana kwawe ni ko kononye ubwenge bwawe, nakujugunye hasi ngutangariza imbere y’abami kugira ngo bakwitegereze “Ezekiyeli 28:17”.

Ni irihe banga ryo kunesha Satani ?

Mu rwandiko rwa Yakobo 4:7 tuhasanga ijambo rivuga ngo : “Nuko rero mugamburukire Imana ariko murwanye Satani, na we azabahunga. Benedata, Twibuke ko Satani yavuye mw’ijuru ataremera kumanika amaboko ko yatsinzwe, ariko Imana yaramutsinze, Turasabwa rero kwizera iyamutsinze ni nayo izamutuneshereza ” Abanyefeso, 6:12”, kuko abo tunigana atarab’inyama n’amaraso ariko tunigana n’abakuru, n’abafise ububasha, n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru, ubwo ni ngombwa ko duhabwa izindi nguvu zitari iz’umubiri, kuko umubiri utohanga n’imyuka mibi.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...