Uwavuze ko ukiri kwisi kuzokwunva vyinshi canke kuzobona vyinshi ntiyabeshe, Mugihugu ca Iraq umugabo wumworozi azwi kwizina rya Mohammed al-Moujamaie yaraye akoze ubukwe numwigeme wimyaka 22.
Wari umunezero udasanzwe kuruwomutama kuko urubanza rwiwe rwarimwo abantu batandukanye aho twovuga nkabuzukuru biwe bafise imyaka iri hagati ya 17 na 16 ariko uwo mutama ubwiwe yabandanije avuga ko avyishimiye cane kuba urukundo rwabo rwarakomeje cane mbere bagateba bagashika kumugambi wo kwubakana bagashinga urwabo.
Nkuko tubitangarizwa nikinyamakuru ” http://www.ledauphine.com/ ” kivuga ko umugore wuyomutama ko yitwa Mouna Moukhlif al-Joubari w’imyaka 22 kandi nawe nyene akaba avuga ko urukundo afitiye umugabo wiwe ko rurenze cane kandi ngo akaba azokora ibishoboka vyose kugirango amunezereze m’urukundo.
Uwo mukobwa yakomeje avuga kandi ko azobana neza n’abana ba nya musaza ariko reka tubibutse ko uwomusaza yaramaze imyaka ishika itatu apfakaye, umugore wiwe wambere bamaranye imyaka 58 bagirirwa ubuntu bwo kuvyara abahungu 12 hamwe nabakobwa 4.
Abantu bari baje kumushigikira mururwo rubanza baribenshi cane intambo hamwe nibindi vyerekana umunezero nivyo vyaharangwa cane kandi UBMNews tukaba tubipfuriza ko umubano wabo wakomeza bakazobana akaramata kuko ic’Imana yifanaririje ntawugitandukanya. Posted by Eric Nyandwi