INTERNATIONAL NEWS

Iperereza Rya America CIA Riragabisha Ko Koreya ya Ruguru Ishobora Gutera Amerika.

on

Umukuru w’Iperereza rikomeye rya Ameriika ariryo CIA (Central Intelligence Agency), Mike Pompeo, yamenyesheje ko ‘Koreya ya Ruguru hasigaye gusa amezi make ngo ibe yanonosoye ububasha bwayo mu bijanye n’ibigwanisho ruhonyanganda’.

Mu nama y’umutekano yabereye I Washington, Mike Pompeo yamenyesheje ati: “Igihugu ca Koreya ya Ruguru kiregereje cane gushikira ububasha bukomeye mu bijanye n’ibigwanisho ruhonyanganda ku buryo bivanye n’uko amategeko ya Amerika avuga ko twogaba kubera ko bafise umugambi wo gutera ubutaka bwa amerika….

Igihugu ca Koreya ya Ruguru ,nkuko kibandanya kibimenyeshe, nta mugambi gifise wo kuja mu biganiro ku bijanye n’ibigwanisho vyayo ruhonyanganda gushaika yaho babonye ikigwanisho ruhonyanganda kiguye ku butaka bwa leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Naho abahinga bagikekeranya ko Koreya ya Ruguru yoba imaze kuronka ububasha bwo kurungika igisasu gishobora kugenda ibilometero birenga 10 000 gishikira ubutaka bwa Amerika, iperereza rya Amerika CIA rirabona ko ivyo ubu bishoboka, kubera ko ubu bigoye kubona mu mapereza yabo aho Koreya ya Ruguru igeze muri ubwo buhinga, nkuko Pompeo yabimenyesheje.

Mu gihe umuhanuzi w’umukuru w’igihugu mu vy’umutekano, H.R McMaster, amaze kumenyesha ko ‘umwanya waheze’ mu bijanye n’ikibazo ca Koreya ya Ruguru, abahinga baramaze kwerekana ko intambara y’ibigwanisho ruhonyanganda kw’isi iri ku muryango, mu gihe babona ko Donald Trump ashira imbere ivyo gusambura Koreya ya Ruguru burundu, ivyo ico gihugu gihakana ko Amerika itobishikako.

Recommended for you