Thursday, December 1, 2022
HomeUmutekanoInzego zijejwe umutekano hamwe n' inyamiramabi zaraye zihinduwe zose mu gihugu cose.

Inzego zijejwe umutekano hamwe n’ inyamiramabi zaraye zihinduwe zose mu gihugu cose.

Inzego z’umutekano,hamwe n’inyamiramabi zaraye zihinduwe zose mu gihugu cose. Haraye hahinduwe kandi abari bajejwe ububiko bw’ibirwanisho mu gipolisi . Bamwe bari muri izo nzego bemeza badakekeranya ko abahinduwe ari abari bashigikiye uwahora ari umushikiranganji wa mbere, Alain-Guillaume Bunyoni, yaraye abogojwe mu mabanga n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye.Ayandi makuru akemeza ko harimwo umugambi wo guhirika ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye urongowe na Alain-Guillaume Bunyoni maze hakikorwako izo nzego z’umutekano.

Burundi’s minister of public security Alain Guillaume Bunyoni (R), the Governor of Cibitoke Province Joseph Iteriteka (2nd R), the national security council secretary Silas Ntigurigwa (2nd L) and Deputy Director of the National Police Godefroid Bizimana (R) visit Ruhagarika village where 26 people were killed by the armed group in northwestern Burundi bordering with the Democratic Republic of Congo (DRC) on May 12, 2018, just days before the constitutional referendum that may allow the President Pierre Nkurunziza to remain in power until 2034. (Photo by STR / AFP) (Photo credit should read STR/AFP via Getty Images)

Inzego zitatu zikomeye mu gucungera umutekano w’igihugu nizo zaraye zihinduriwe abayobozi: izo nazo ni igipolisi gicungera umutekano bibaye ngombwa kigafata abantu , inyamiramabi zifunga abantu, hamwe n’igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu canke mu ntara. Guhera mu gisagara ca Bujumbura , ahari n’ingoro y’umukuru w’igihugu , abatwara izo nzego z’igipolisi bahinduriwe amabanga. Abagenywe nka bose amazina ni mashasha. Kandi hagenywe ivyegera gusa.
Abandi bahinduwe ni abatwara amashure y’igipolisi , ububiko bw’ibirwanisho hamwe n’abatwara ibiro bitandukanye . Itegeko ryateweko umukono n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano Gervais Ndirakobuca, imbere yuko agenwa mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere kuri uyu wa gatatu.
Ico bikoze , mu gisirikare, nta mutegetsi numwe yahindutse. Bamwe mu basirikare basigura ko kubona inzego z’umutekano arizo zahinduriwe ngo ni kubera ko izo nzego ari zo zikomeye kandi zifashe mu ntoke ikibazo c’umutekano wo hagati mu gihugu.
Umwe mu basirikare ativuze izina ryiwe yavuganye n’iradiyo Ijwi rya Amerika asigura ko «abagenywe bose ari ijisho ry’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji yahora ari uw’umutekano ubu yabaye umushikiranganji wa mbere». Arongera ko ati :« Abagenywe ari mu ntumbero yo kuburizamwo umugambi wose mubi woshaka gushirwa mu ngiro n’uwakuwe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere , Alain-Guillaume Bunyoni hamwe yoba agifise agashavu».

Must Read