INTERNATIONAL NEWS

Inyuma Y’izimira Ry’Icogajuru Ca Angola, Uburusiya Bwamenyesheje Ko Casubiye Kuboneka.

on

Ku musi wa gatatu itariki 27 Kigarama 2017, igihugu ca Angola co kumugabane wa Afrika kibifashijwemwo n’Uburusiya, cararungitse icogajuru arico Satellite ciswe ANGOSAT-1 mu kirere gifasha mu bijanye no gutuma tumanako amakuru. Ariko rero amakuru yaco akaba yaciye azimira kimaze gushika mu kirere. Uyu musi igihugu c’Uburusiya cahinguye ico cogajuru camenyesheje biciye kw’ikompanyi yagihinguye ariyo Enerjia, ko umuhora wo kuvugana n’ico cogajuru wasubiye kugaruka.

Inyuma y’ayo masaha yose ata makuru y’ico cogajuru, ejo ku musi wa kane ku mugoroba niho carungika amakuru yaco ku bari hasi maze umuhora wo kuvugana urasubira uragaruka. Ku bari bibajije ko ico cogajuru coba caragize ingorane mu bijanye no kukirungika, Iyo kompanyi Enerjia yamenyesheje ko ico Cogajuru gikomeye neza kandi gikora nk’uko bisanzwe.

Nk’uko ikinyamakuru co mu Burusiya Sputnik kibimenyesha, igihugu ca Angola cari cagiranye amasezerano n’igihugu c’Uburusiya ku bijanye n’ico cogajuru mu mwaka wa 2009. Angola ikaba iri mu kibanza ca gatatu mu bihugu bitunze ku mugabane wa Afrika, inyuma ya Afrika y’Epfo na Nijeriya.

Ariko rero, amakenga aracahari ku bijanye n’ivyogajuru bikorwa n’igihugu c’Uburusiya ko vyoba bifise utunenge kubera ko mu kwezi kumwe gusa guheze icogajuru carungitswe n’ico gihugu caburiwe irengero, ; benshi bagaca babona nyabuna ko Ivyogajuru bihingurwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika no mu bihugu bitunze vya Buraya bikiri hejuru cane mu bijanye n’ubuhinga.

Recommended for you