INTERNATIONAL NEWS

Inyuma Yaho Igihugu Ca Qatar Gikumiriwe N’Ibihugu Bibanyi, Ingaruka Zatanguye Kwibonekeza.

By

on

Guhera kuri uyu musi wa kabiri, indege ziva canke zinjira mu gihugu ca Qatar zahagaritswe kubera ingingo ibihugu bitandatu, harimwo Arabia Seoudite, United Arab Emirates (UAE) na Misiri, vyafashe yo guhagarika imigenderaniye muri dipolomasi na Qatar kubera kuyagiriza gushigikira iterabwoba.

Nkuko tubikesha Ikinyamakuru Reuters,kuva ku musi wa mbere ejo iyo ngingo ifashwe, ama boutikes y’ibidandazwa mu gihugu ca Qatar usanga yuzuye abantu batonze barindiriye gusuma ivyo bashobora kubika kuko bohava babura ukwo basuma mu gihe ukwo kutumvikana kwobandanya,

Itangazo rya Arabie Saudite ryavuze ko Abanya Qatar bafitanye imigenderanire ya hafi n’imigwi y’iterabwoba harimwo n’umugwi witerabwoba wiyita Etat Islamique ikorera muri Iraq na Syria.

Aya maleta yo mu kigobe c’abarabu yavuze ko yirukana abahagarariye Qatar mu ndwi zitarenze zibiri ndetse UAE yavuze ko indege zayo za Etihad zitazongera kuja mu murwa mukuru wa Qatar Doha. Misri yoyo ikaba yahaye aba diplomates ba Qatar amasaha atarenze 48 bakaba bavuye ku butaka bwa Misri.

Igihugu ca Qatar ni gito ariko gifise ibitoro vyinshi

Qatar ivuga ko ibirego yagirizwa ko atari vyo. Ariko ubu iri mu bwigunge inyuma yo gutereranwa n’ababanyi bayo mu buryo budatahuritse kandi budasanzwe.

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika Donald Trump yahuye na mugenziwe wa Misiri Sisi hamwe n’umwami wa Arabie Saudite Salman mu ndwi zibiri ziheze.

N’ubwo guca umubano na Qatar bije bidatahuritse, ariko hari haheze imyaka myinshi bigaragara ko imigenderanire y’ibi bihugu itari imeze neza, cane cane mu mayinga make aheze. Qatar ni igihugu gitoya ariko gifise ibitoro vyinshi cane

Umupira w’amaguru w’Igikombe c’isi yose kizoba mu myaka itanu kizokirirwa muri Qatar, igihugu citegura kwakira igikombe cy’isi muri 2022. Qatar ikavuga ko iyo ngingo yafashwe ‘ataco ihindura ku buzima bw’ico gihugu hamwe nubwo abanyagihugu’.

Ibihugu vya Amerika, Turkiya na Iran bikaba bisaba ko ivyo bihugu vyo mu kigobe c’abarabu vyoterera umuti ukutumvikana kwabo mu mahoro. Mbere igihugu ca Koweit camaze kumenyesha ko citeguriye kuba umuhuza mu biganiro vyohuza ivyo bihugu.

Recommended for you